Tue. Jan 28th, 2020

Abakuru b’ibihugu bazoza kugondoza ubutegetsi bwa NKURUNZIZA bamenyekanye

Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yamenyesheje abagize umurwi w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bo ku rwego rwo hejuru bazoza kubonana n’abategetsi batandukanye b’Uburundi.

Abashizwe imbere kugira bazobonane n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA ni : umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba, hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Hailemariam Desalegn.

Abo bategetsi batandukanye bazoba baje kubonana na Reta y’Uburundi mu ntumbero y’ukuvugana ingene ibiganiro vyotunganwa, hamwe n’irungikwa ry’inteko mvamakungu (MAPROBU), mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.

sali

Abo bakuru b’ibihugu biteguriye kwishikira i Bujumbura bamenyekanye inyuma y’aho umushikiranganji w’imigenderanire y’Ububirigi n’ayandi makungu, Didier Reynders, amenyeshereje ko Ububirigi buzobandanya gusaba ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ko ryofata ingingo y’ukurungika inteko mvamakungu, mu gihe Reta y’Uburundi itokwemera kuja mu biganiro n’abatavuga rumwe nayo.

Didier Reynders yamenyesheje ko bibaye ngombwa bazofasha mu Burundi uko bazobisabwa kwose, nk’uko bariko barabikora muri Mali babisabwe n’Ubufaransa, bakaba bazofasha no mu bijanye n’uburyo kugira ibiganiro n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bibandanye.