NEWS

Abakozi b’ivuriro riri muri zone Rohero bagirizwa kudandaza abakobwa barahagaritswe

By

on

Ivyo vyamenyeshejwe na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji w’umutekano no gukinga ibiza kur’uyu wa kane. Pierre Nkurikiye avuga ko kuva aho baronkeye inkuru ko hari ivuriro riri muri zone Rohero rifasha abakobwa kuja kudandazwa mu bihugu vy’abarabu igipolisi caciye gihaguruka kuraba iryo vuriro kw’igenekerezo rya 8 ndamukiza.

Pierre Nkurikiye akavuga ko bahasanze abakobwa babiri bafise passeport zibiri na carte jaune zibiri bibafasha gufata ingendo. Igipolisi carabandanije gusaka iryo vuriro baca bahasanga passeport 30 na carte jaune 27 n’imachine nyabwonko ordinateur abakorera mur’iryo vuriro bakoresha.

Uwurongoye iryo vuriro yitwa Hosman Ali Hussein yisiguye avuga ko wewe akoresha ibipimo vyo kwa muganga gusa, akavuga ko akorana n’umukozi wo muri ambassade ya Arabie Saoudite iri muri Kenya hamwe n’ishirahamwe ryitwa Al Sail rivugwa cane mur’ubwo budandaji bw’abakobwa bajanwa kuja gukorera mu bihugu vy’abarabu.

Pierre Nkurikiye ko iryo shirahamwe Al Sail ryama ryavuzwe murudandazwa rw’abantu, akamenyesha ko haciye hahagarikwa abagore babiri bakora kur’iryo vuriro n’uwurirongoye hamwe n’abakora ivyo gupima kur’iryo vuriro mu ntumbero yo kubandanya amatohoza.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply