NEWS

Abakozi bakora muri Viettel Burundi barabandanya uguhagarika akazi.

on

Mu gihe abakozi bakora mw’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru mu Burundi Vietel canke Lumitel batanguye guhagarika akazi kuva ku wa 6 Nyakanga 2018, abo bakozi bo mwiryo shirahamwe ntibarota biyumvira gusubira ku mirimo badatunganirijwe,nk’uko babimeneysha.

Bakaba biyamiriza iterabwoba bakorerwa n’abakoresha babo muri iryo shirahamwe ryamuka mu gihugu ca Vietnam. Abo bakozi kandi bakaba biyamiriza iterabwoba bakorerwa n’abakozi bagenzi babo mu bibanza bitandukanye vy’akazi.

Abo bakozi bo muri Viettel Burundi bakaba basaba leta kubafasha kuburanira ivyo basaba. Igihe batangura uguhagarika akazi ku wa 6 Nyakanga 2018, ubuyobozi bw’iyo kompamnyi bwamenyesheje ko ‘umurwi w’abakozi bahagaritse akazi basaba ko amasezerano y’akazi yabo( contrats de travail) yokwongerwa ikiringo, ko atazocongerwa’.

Abo bakozi basaba ko ama contrats yabo yosinywa akamara igihe cose(contrats a duree indeterminée), kuko bavuga ko bagenzi babo bamwe bamwe bafise ayo ma contrats adahera( contrats a duree indeterminée).

Naho ubuyobozi bwa Vietel Burundi bumenyesha ko ukwo guhagaria akazi kw’abakozi kwahonyanze itegeko rigenga abakozi, abo bakozi bavuga ko bamenyesheje ubuyobozi bwa Vietel(preavis de greve) hahera imisi 6 ataco buvuze maze nabo baca babona guhagarika akazi.

Recommended for you