Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAbakozi ba ONATEL basigura ko uruhombo ishirahamwe ryagize rutabavuyeko ahubwo rwobazwa Leta.

Abakozi ba ONATEL basigura ko uruhombo ishirahamwe ryagize rutabavuyeko ahubwo rwobazwa Leta.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru ku bijanye n-ikibazo c-imishahara y-abakozi mw-ishirahamwe ONATEL hamwe n-intererano batagitangirwa mu mashirahamwe abavuza , Umushikiranganji wambere  Alain-Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko bitewe nuko aribo nyene vyavuyeko, Leta y-uburundi ntiyiteguye guha agashara abakozi b-ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL bavuga ko baheraniwe k-amezi ane .Qui a tué l'Onatel ? – IWACU

Alain-Guillaume Bunyoni yasiguye ko atawofata umukozi ngo amuhe amafaranga y-ibikoresho  n-ayagahembo  munyuma ngo agaruke umuhembe. Kubwiwe, bari bakwiye kuzana inyungu muri Leta.

Abakozi b-ishirahamwe ONATEL barahakana uruhara rwabo mu ngorane z-ishirahamwe  ririko ricamwo, bakavuga ko uguhomba kwavuye kuri Leta itashoboye kubona iri mw-ihiganwa n-ayandi mashirahamwe mashasha. Ikindi ngo ayo mashirahamwe yagiriyeko atangura no gutwara abakozi bajejwe igisata c-ubuhinga bwa ONATEL kubera itarishoboye kubaha agashahara kisununuye .

Ishirahamwe ONATEL rikaba rifise abakozi barenga 400, bakaba baherutse kwugariza ibiro vya ONATEL basaba agashahara kabo k-amezi ane kangana ni imiriyari 10 z-amafaranga y-abamarundi harimwo n-ayandi mahera batatangiwe mu mashirahamwe ya INSS na MUTUEL.

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...