NEWS

Abakomisionere boba bagiye gukurwaho m’urudandazwa rw’ikawa n’icayi

By

on

Ivyo nivyavuye mu nama nshingamateka kur’uyu wa kabiri mu gihe umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Deo Guide Rurema, yari yatumiwe mu nama nshingamateka kugira atange umuco kubibazo vy’abashingamateka bari bavuye mu rugendo kw’irabira ingene ikawa n’icayi vyimbuka bikongera bikadandazwa mu Burundi.

Abo bashingamateka barasavye ko icayi c’Uburundi kitosubira kuvangwa n’ico muri Kenya i Mombassa ahubwo ko co shorwa ubwo nyene kubaguzi kugira inyungu yiyongere. Ico kibazo kiragaruka kandi no ku kawa aho usanga hari abadandaza bari hagati benshi bigatuma Uburundi buhahombera amahera atari make.

Umushikiranganji w’Uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema, amenyesha ko agiye kubonana vuba n’abaserukira abarimyi n’abaguzi b’ikawa n’icayi kugira bige ico kibazo. Deo guide Rurema aramenyesha kandi ko amadorari imiriyoni 32 y’abanyamerika amaze kuzanwa kubikwa mu Burundi avuye mu mwimbu w’ikawa mugihe ayatari make yaja kubikwa hanze y’igihugu.

Umushikiranganji Deo Guide Rurema amenyesha kandi ko hari uwurangura ikawa kubarimyi yafunzwe kuko atahemvye abarimyi, ati ikiwa yaramaze kwegeranya izoca igurishwa n’ikigo ARFIC ihembe abo barimyi. Intara zagendewe n’abashingamateka akaba ari Bubanza, Bujumbura, Cibitoke, Gitega, Kayanza na Ngozi.

Recommended for you