INTERNATIONAL NEWS

Abakirisu Barabangamiwe Mu Gihugu Ca Misiri: 26 Bishwe Uyu Musi.

on

Uyu musi mu gihugu ca Misiri, Abanywanyi 23 b’idini rya Gikirisu( Eglise Coptique) bishwe igihe bariko bafata urugendo baja gusenga bari mu modoka, abandi 25 barakomereka, nkuko amakuru atangazwa nibinyamakurui vyaho mu Misisri avuga.

Ico kintu kibabaje cabaye uyu musi mu ntara ya Minya muri Egypte, uvuye ku bilometereo 250 ku murwa mukuru wa Misri ariwo Caire.
Haramaze gushike ibihe nkivyo mu Misri aho Abakirisu bicwa bakongera bagaterwa, ibitero vyemangwa ko bikorwa n’Umuhari w’Intagondwa Etat Islamique.

Harabaye kandi ibitero nkivyo bibiri nkivyo vyabiyahuzi vyabaye mu masengero ya Tana na Alexandria kwitariki ya 9 NDAMUKIZA 2017 mu gihugu ca Misri.

Abantu bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi ku Bakirisu mu Gihugu ca Misri

Abishwe uyu musi bariko bafata urugendo baja mu misa mw’idini ry’Umweranda Samuel. Imodoka bari barimwo yariko igenda buhoro buhoro mu zindi modoka, inkuru zikabandanya zivuga ko hari nabantu bashika kuri 8 canke 10 bambaye impuzu za Gisirikare baciye vbahagarika iyo modoka yari irimwo abagiye gusenga.

Abo bantu bafise inkoho baciye barasa abo bantu b’abakirisu bari muri iyo modpka hama baca barahungu bakoresheje imodoka zabo zitatu, nkuko BBC yabitangaje. Ikibabaje nuko mwiyo modoka hariwmo Abana baguye muri ico gitero.
.

Recommended for you