NEWS

Abakinyi b’urukino rwo guterana ingumu nubu ntibaratahukanwa

By

on

Aba bakinyi b’urukino rwo guterana ingumu uko bashika batanu ntibarashobora kuvanwa mu gihugu ca Gabon haraheze imisi 16 ihiganwa bagiyemwo rirangiye. Bakaba baribagiye baserukira Uburundi mw’ihiganwa rya Afrika ry’urukino bita boxe rwo gukubitana ingumu. Mubisanzwe bakaba bari kugenda ari abakinyi 11 abo batanu bakaba barihiwe itike y’indege n’ishirahamwe ry’urukino rwa boxe m’Uburundi.

Banyene ihoteli bakavuga ko badashobora kurekura aba bakinyi 11 bandikishijwe batarishe amafaranga y’ihoteli nivyo bafunguye. Ayo mafaranga ubu akaba ageze ku bihumbi 11 vy’amadolari y’abanyamerika mugihe urukino rukirangira ayo mahera yangana ibihumbi 4900 vy’amahera y’abanyamerika.

Amakuru ava mu gihugu ca Gabon akavuga ko abo bakinyi babayeho nabi kuko badafungurigwa uko bikwiye narirya fagitire iguma iduga. Ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama bukaba ataco buravuga kur’ico kibazo ariko bakavuga ko bakizi. Eric Ndayishimiye akaba yavuze kw’iradiyo y’abongereza BBC ko ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama bwari bwabahaye icizere co gutahukanwa. Abaserukira Uburundi nabo mu gihugu ca Gabon bakaba barabuze uko bokemura ico kibazo bakavuga ko bobarihira ayo mahera muga ko batazi ko bazoyasubizwa nkuko amakuru ava Libreville abivuga.

Recommended for you