NEWS

Abakinyi b’Intamba U20 bazoserukira Uburundi muri Niger bamenyekanye

on

Joslin Bipfubusa, umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 29 bagiye kwinjira mu mwiherero (Local) kuva kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 11 Nzero 2019 igihe c’isaha cumi na zibiri (18h) ku kigo c’igihugu kijejwe ubuhinga (Centre Technique Nationale), nk’uko amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, avyemeza.

Uburundi bugiye kwitaba igikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 20, mw’ihiganwa rizobera mu gihugu ca Niger.

Mu ntumbero y’imyiteguro, abakinyi b’Uburundi U20 bazokina n’abakinyi nserukiragihugu ba Uganda U20 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, kuri uwu wa kabiri, mu rukino rwa kivandimwe.

Umumenyereza w’intamba mu rugamba Joslin BIPFUBUSA amenyesha ko imyimenyerezo nyezina izotangura ku munsi w’ejo kuwa gatandatu, igihe c’isaha icenda ku kibuga ca Centre Technique National (C.T.N) kiri muri zone ya Ngagara, mu gisagara ca Bujumbura. Uwo mumenyereza asaba abakinyi bose badafise urukino uno musi wa gatanu hamwe n’abandi bose bari ku rutonde kandi bari i Bujumbura, ko kuri uwu wa gatanu borara mu mwiherero.

Abakinyi 29 batumweko basabwa gushika kuri C. T. N igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba (18h). Abo nabo ni :

1.RUKUNDO Onésime (Messager Ngozi) 
2. KITENGE Ally (Buja City)
3. NDIZEYE Aimé Fales (Aigle noir)
4.SELEMANI Moustafa (Aigle noir) 
5.NDIZEYE Eric (Musongati Fc)
6.MURYANGO Moussa (Vital’o ) 
7.NDORIYOBIJA Eric(Stand Utd)
8.NAHIMANA Steve (Kayanza UTD) 
9.HAKIZIMAN Héritier (Aigle noir)
10.NDAYE Chancel (Rukinzo Fc) 
11.BIGIRIMANA Ramadhan(Stand Utd)
12.MURYANGO Mabano Shabani (Aigle noir) 
13. EZA Armel (Kayanza UTD)
14.NSHIMIRIMANA Jospin (Aigle noir)

15.MBIRIZI Eric (Stand UTD)
16.MUSORE Aaron (Musongati Fc) 
17. NAHIMANA Guy (Buja City)
18. RAMADHAN Pascal (Musongati Fc) 
19. GAKIZA Aime (Messager Buja)
20.KANAKIMANA Bienvenu (Aigle noir) 
21. DUSABE Olivier (VITAL’O)
22.MAVUGO Cédric (Aigle noir) 
23.SHAKA Bienvenue(Etoile du sahel )
24.ULIMWENGU Jules(Sunrise)
25. IRAKOZE Saidi (Musongati Fc)
26.RUKUNDO Therence (KAYANZA UTD)
27.MOHAMED Amissi (Nac Breda)
28.NIYONGABIRE Pacifique(Adelaide Utd)
29.NDAYISHIMIYE Mike Trésor (NEC Nijmegen).

slin BIPFUBUSA

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply