NEWS

Abakinyi baserukiye Uburundi m’urukino boxe n’ubu ntibaragaruka

By

on

Mu gihe baheza inkino itariki 18 rusama, abakinyi bakina urukino rwo guterana ingumu boxe ntibaragaruka aho bari bagiye mu gihugu ca Gabon guserukira Uburundi mu nkino za Afrika. Ihoteri bari bafashe yaciye ibafata bababwira ko batahava batarishe amahera bakoresheje y’ivyumba nivyo bafunguye uko ari 11 ariko hakaba hagiye batanu gusa barihiwe itike n’ishirahamwe rya boxe mu Burundi.

Abo banonotsi bakaba rero bamaze imisi itanu bataragaruka. Bakaba bategerezwa kuriha amadolari hafi 4900 y’amanyamerika. Ubu ayo mahera aguma yiyongerako uko imisi ihera nkuko bimenyeshwa n’abo bakinyi. M’ubushikiranganji bwo kwinonora imisti n’imicokama bavuga ko ico kibazo bakizi bariko baragikurikirana ariko bigaragara ko ivyi bitari bwashike mu nkino zo mu Burundi. Abatavuga rumwe na leta bakavuga ko ivyo vyonona izina ry’igihugu.

Ivyo vyiyongera kubasirikare bagiye kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya nabo nyene barindiriye gutaha barabura haraheze hafi ukwezi bakaba barindiriye indege ibatahana irihwa amahera y’amadolari.

Iryo kena ry’amahera y’agaciro riribonekeza no mu mazu bayadandarizamwo mu Burundi aho yaduze biboneka kuko yakenye. Idolari rikaba rigurwa 3000 vy’amarundi ryahora rigurwa 2700, ifaranga ry’abanyaburayi naryo rigurwa 3330 ryahora rigurwa 3000 y’amahera y’amarundi. Ingaruka mbi nazo zica zibonekeza kubaja kurangura hanze imiti n’ibitoro n’ibikoresho bakoramwo ibinyobwa vya Brarudi aho bica bikena bikaduga ibiciro cane.

Recommended for you