NEWS

Abakinyi 18 b’Uburundi batumweko mu rukino ruzobahuza n’umurwi wa Mali

By

on

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru INTAMBA MU RUGAMBA ahejeje gusohora kuri uwu wa kane urutonde rw’abakinyi cumi n’umunani Uburundi buzokwikorako mu rukino rwimirije ruzobahuza n’umurwi nserukiragihugu wa Mali.

Urukino rwa mbere ruhuza Uburundi na Mali ruzoba ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 12 Gitugutu 2018 mu gisagara ca Bamako, urukino rw’ugusubiriza narwo rube kw’igenekerezo rya 16 Gitugutu 2018 mu gisagara ca Bujumbura, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.

Tubibutse ko izo nkino zose ziriko ziba mu ntumbero y’ukurondera imirwi nserukirabihugu izokwitaba ihiganwa rya Afrika CAN rizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka uza w’2019.

Uburundi buracafise amahirwe, kuko mu murwi burimwo buri mu kibanza ca kabiri inyuma y’igihugu ca Mali.

Abakinyi 18 batumweko n’umumenyereza w’INTAMBA MU RUGAMBA Olivier NIYUNGEKO batazira Mutombola

1. Jonathan NAHIMANA
2. Justin NDIKUMANA
3. Abdoul Karim NIZIGIYIMANA
4. Christophe NDUWARUGIRA
5. Rachid Léon HARERIMANA
6. Fréderic NSABIYUMVA
7. Omar NGANDO
8. Omar MOUSSA
9. David NSHIMIRIMANA
10. Shassir NAHIMANA
11. Gaël BIGIRIMANA
12. Gaël DUHAYINDAVYI
13. Cédric AMISSI
14. Hussein SHABANI
15. Francis MUSTAFA
16. Bienvenu SHAKA
17. Fiston ABDOUL
18. Saïdo BERAHINO

Recommended for you