NEWS

Abakandida babiri mu matora ya 2020 nibo bamaze kumenyekana.

on

Mu gihe hasigaye gusa nk’amezi nka 12 kugirango habe amatora yo mu mwaka wa 2020 y’umukuru w’igihugu, gushika ubu hamaze kumenyekana abakandida canke abazokwitoza mu matora ya 2020 babiri gusa.

Abazokwitoza ku giti c’umukuru w’igihugu bamaze kuva mu migambwe ibiri aruyo UPRONA, beshi batazira UPRO-DD kubera ariwo usanzwe wemerwa muri leta ya CNDD-FDD hamwe na CNL ya Rwasa Agathon amaze kumenyesha ko azokwitoza muri uyo mugambwe wiwe.

Hari uwoca yibaza iyo abandi bari mu gihe mu Burundi haharurwa imigambwe irenga ku 40.

Umugambwe ucitezwe cane ko ushira ahabona umukandida wawo azowuserukira mu matora ya 2020 ni umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD ukirindiriye gukora ikoraniro kaminuza ryo kugena uwuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Muri CNDD-FDD haravugwa urukurukuru ko hoba hakiri ukutumvikana hagati y’ibihangange vyo muri uyo mugambwe ku muntu yoserukira uwo mugambwe uri ku butegetsi mu matora ya 2020.

Haranugwanugwa ibihangange nka Evariste Ndayishimye, Denise Nkurunziza, Alain Guillaume Bunyoni, Reverien Ndikuriyo n’ibindi bihangange vyegereye cane umukuru w’igihugu.

Recommended for you