NEWS

Abajejwe ubuvuzi batanguye gucandagwa bakingirwa ingwara ya Ebola

By

on

Igihugu c’Uburundi gihana urubibe n’igihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Congo aho abantu bashika 1900 bishwe na Ebola mu mwaka umwe. Uburundi bufadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara kw’isi OMS bukaba bwatanguye gucandaga abakozi bo kwa muganga begereye umupaka wa Congo. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na OMS.

Ico gikorwa co gucandaga kikaba catanguye kur’uyu wa kabiri muri zone Gatumba aho hari uruja n’uruza rwinshi hagati y’Uburundi na Congo. Urucanco rwitwa RVSV-Zebov nirwo ruriko rurakoreshwa, rukaba rumaze gukoreshwa muri Congo aho abantu bashika 170 000 bo muri Congo bacandazwe.

Urwo rucanco rukazoterwa kandi ku bakozi bajejwe ibipimo n’abajejwe guhamba ibiziga. Urwo rucanco rukaba rwakozwe n’abahinga muvy’ingwara babanyamerika bari mw’ishirahamwe Merk. Urwo rucanco rukaba rwarerekanyo ko rukora neza mukurwanya iyi virus ya Ebola mu gihugu ca Guinée mu mwaka w’i 2015 nkuko bivugwa n’uwurongoye ishirahamwe OMS m’Uburundi, muganga Kazadi Mulombo.

Recommended for you