NEWS

Abahungabanya umutekano mu Burundi bahawe amezi abiri

on

Mu gihe yari mu birori vy’guhimbaza umunsi mukuru w’abakozi n’akazi, kuri uwu wa mbere, mu ntara ya Kayanza, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze amezi abiri kugira mu Burundi ntihazobe hakivugwa imirwi y’abitwaje ibirwanisho ihungabanya umutekano.

Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko muri ico kiringo atanze, hazoba hatakivugwa abitwaje ibirwanisho babuza abanyagihugu gutekanirwa.
Nk’uko yabimenyesheje, Abarundi nibunga urunani bakarwanya abagizi ba nabi, igihugu niho kizoshobora kuronka iterambere.

Petero NKURUNZIZA yavuze ko bibabaje kubona Abarundi babandanya kwicwa, cane cane abategetsi mu gisirikare hamwe n’igiporisi, akaba yasavye abari kumwe nawe mu Kayanza muri ivyo birori vy’uguhimbaza umunsi mukuru w’abakozi n’akazi, ko bofata umunota umwe bakibuka abamaze kugandagurwa mu bugizi bwa nabi bwibonekeza mu gisagara hamwe no mu Burundi bwose.

gaaa

Ubwicanyi bubandanya kwibonekeza mu Burundi kuva ku kwezi kwa kane 2015, bivuye ku kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA yashizwe imbere n’umugambwe CNDD FDD kugira abe ariwe yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Abanyagihugu 374 bapfuye, 368 barakomereka, abaharurwa mu 467 nabo bakaba bapfungiwe mu busho butandukanye.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri ko ku ruhande rw’abajejwe umutekano, abaporisi 77 aribo bishwe, abagera ku 367 barakomereka, 12 bacika ibimuga, 38 birukanwa mu giporisi, 8 baranyuruzwa, hamwe na 59 bari mw’ibohero kubera amakosa bakoze.

Recommended for you

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published.