NEWS

Abahoze muri CNDD-FDD boba bagiye gutahuka…

on

Umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, umenyesha ko abanyepolitike bahunze igihugu kuva mu mwaka wa 2015 boshobora gutahuka kwitegurira amatora ya 2020.

Ariko rero nk’uko Pascal Nyabenda yabishize ahabona, si bose bemerewe gutahuka mu mwidegemvyo wose ngo baze mu matora.

Nyabenda yamenyesheje ko abaronderwa n’ubutungane bategerezwa kwishura imbere y’ubutungane ivyo bagirizwa kuva mu mwaka wa 2015.

Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru ca Serges Nibizi yahoze akora kuri Radio RPA amenyesha ko abimirije gutahuka ari abahoze bari mu mugambwe CNDD-FDD bimirije kugaruka mu Burundi.

Nibizi kavuga ko abo bahoze muri CNDD-FDD, aribo ba Frondeurs, bazoshika bashinga umugambwe wabo bwite maze baje mu matora ya 2020.

Abahoze muri CNDD-FDD bamwe bamwe na Leonidas Hatungima na Onesime Nduwimana vyoba vyitezwe ko bahamvya ‘benewabo b’urugamba’ mu Burundi inyuma yo kumara imyaka itari mike mu buhungiro.

Abari bahunze igihugu bagirizwa gushaska gutembagaza ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu mwaka wa 2015.

Recommended for you