NEWS

Abahoze ku rugamba ntibabona kumwe indwi yabahariwe

By

on

Kuva kuri uwu wa kabiri, umugambwe CNDD-FDD watanguje icese indwi yahariwe “umurwanyi”, mu birori vyabereye mu ngoro y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu, mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo birori vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi bakomoka mu mugambwe CNDD FDD, aho tukabamenyesha ko n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yahishikiye.

Général Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu amenyesha ko abaguye ku rugamba barondera amahoro, intwaro rusangi, iterambere n’ubutungane.

Ariko naho biri ukwo, uwo musi mukuru ntugihurizwako n’abahoze ari abagwanyi bose. Bamwe bavuga ko ari uburyo bumwe mu bundi bwo kwamamaza umugambwe uri ku butegetsi.

“Ni indwi yo kwiyamamaza. Nta kijanye n’ivyo umurwanyi yabayemwo kikivugwa. Iyi ndwi ije kuducamwo imigwi, kuko abagwanye si abo muri CNDD-FDD gusa. Hari abagwanye bamuka mu gisirikare ca kera kitaracangwa, hamwe n’iyindi mirwi.” niko Cassien Bizabigomba arongoye ishirahamwe ry’abahoze ari abasirikare bakomerekeye ku rugamba avuga.

“Ni igitutsi ku bahoze ku rugamba, kuko twatawe nk’akanuka. Abenshi muri twebwe twaramugaye, kandi tubayeho mu bukene. Iyi ndwi irondera abanywanyi bazotora CNDD-FDD gusa, si iyironderera akarusho umurwanyi ” niko Gilbert, umurwanyi yahoze ari mûri CNDD-FDD ubu yasubijwe mu buzima busanzwe avuga.

Abanyepolitike babona ko ari uburyo bw’amacakubiri ya CNDD-FDD.

“Ni uburyo CNDD-FDD ikoresha mu kubandanya amacakubiri mu Barundi . Uwahoze ari umurwanyi si umunywanyi wa CNDD-FDD gusa “, ivyo bivugwa na Léonce Ngendakumana, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU.

Recommended for you