NEWS

Abahinga ba ONU basaba amatohoza yigenga ku bantu banyuruzwa mu Burundi

on

Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu basaba ko hoba amatohoza ku bantu bose baburirwa irengero mu Burundi.

Mw’itangazo abo bahinga basohoye kuwa mbere igenekerezo rya 6 Nzero ,umwaka wa 2017, bamenyesha ko batewe impungenge n’abantu banyuruzwa ,bakaburirwa irengero n’imiryango yabo.

Muri iryo tangazo abo bahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko hategerezwa kuba amatohoza akomeye kandi yigenga,abokwagirwa n’ico caha bagashikirizwa imbere y’ubutungane.

Abo bahinga basaba kandi Reta gusubiramwo amategeko agenga amashirahamwe adaharanira inyungu za politike,kuko amategeko ahari ashobora kubangamira ibikorwa vyayo mashirahamwe na cane cane ayishinze gukingira agateka ka zina muntu.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.