Wednesday, March 29, 2023
HomePoliticsAbahanuzi munani b-umukuru w-igihugu c-uburundi bashizwe mu gihano .

Abahanuzi munani b-umukuru w-igihugu c-uburundi bashizwe mu gihano .

Kuva kuri uyu wa mbere, abahanuzi b-umukuru w-igihugu c-uburundi  bagera kuri munani barahagaritswe mu mabanga yabo mu kiringo c-imisi cumi ni tanu bitewe nuko batabonetse ku kazi ata mvo n-imwe ihari ku musi wa gatanu w-indwi yaheze.Burundi:Amwe mu mazina y'inyubakwa yahinduwe kuberiki?? – Nyaburunga News

Vyose vyatanguye ku musi wa gatanu w-indwi yaheze aho uwujejwe ivyo gutunganya imirimo mu biro vy-umukuru w-igihugu Gabriel Nizigama yakora urugendo mu biro vyose biri ku kirimba ca Perezida Ndayishimiye kandi atabateguje nikwo guca asanga bose ata numwe yatonze. Amakuru ava mu bategetsi  bo hejuru batandukanye yemeza ko amakete yo guhagarika mu kiringo c-imisi cumi ni tanu  abo bahanuzi ukwari munani yahavuye asohorwa ndetse nababa barabasubirira boba bahavuye bagenwa.

Abo bahanuzi kwari munani bahagaritswe nabo ni :willy Nyamitwe,ajejwe ibibazo vyo kumenyesha amakuru, Charles Nkusi, umukukuruke w-ipete rya General Major, Jean-claude Karerwa Ndenzako, yigeze kuba umuvugizi w-umuhisi Petero Nkurunziza, Godefroid Bizimana,komiseri mu giporisi ajejwe gutunganya in gendo z-umukuru w-igihugu, Albert Nasasagare,yahoze agendanira Perezida Nkurunziza, Jean,Marie Rurimirije, Pascal Barandagiye,yahoze ari umushikiranganji w-intwaro yo hagati  hamwe na Colonel Mukwaya Firmin.

Naho atawuravyemeza, biravurwa cane ko iyo dosiye y-abo bahanuzi bahagaritswe, perezida Ndayishimiye ayifisemwo uruhara rukomeye , bivurwa kandi ko ariwe ubwiwe yategetse Gabriel Nizigama, ajejwe gutungaya imirimo mu biro vyiwe  gushika kwirabira n-amaso yiwe ivyari bimaze imisi bivurwa ko abo bahanuzi batonda gake kabaho mu biro vyabo iyo umukuru w-igihugu aduze ruguru mu rugendo rw-akazi.

 

 

Must Read