NEWS

Abahagarariye Bongera Barasinya Amasezerano y’i Arusha Bandikiwe Urwandiko Bagabishwa.

on

“Umurwi w’abanyagihugu”(Forum citoyen) uhurikiyemwo urunani rw’abatavuga rumwe na Leta CNARED, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’amashirahamwe yitaho agateka k’abakenyezi n’abana, harimwo ibinyamakuru vyigenga, yahisemwo kwandika urwandiko rurungikwa ku bahagarariye bongera barasinya amasezerano y’i Arusha yo guhagarika intamabara mu Burundi ku wa 20 Myandagaro 2000, bagabishwa ku “ngeramizi” yo kuyafuta burundu iri imbere.

Abo bahurikiye mu citwa “Forum citoyen” muri urwo rwandiko barasigura ko umugambi wa CNDD-FDD wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro udahuje n’amategeko, kandi ko mbere na bamwe bamwe mu mugambwe uri ku butegetsi batawushigikiye na gato.

Bamenyesha bati muri urwo rwandiko: “…Nkurunziza yaramaze gushiraho intango yo gufuta burundu ayo masezaerano y’i Arusha mu gutanguza isekeza ryo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, mu ntumbero yo kwigumiza ku butegetsi ibihe vyose. Abanyagihugu baraterwa ubwoba mu gihe amakungu asa nayarorera gusa bikaboneka ko adashoboye“.

Barabandanya bati: “Ku bw’ivyo, tubona ko Nkurunziza ahejeje kurengana umurongo utukura. Akaba atangaje intambara ku Burundi no ku banyagihugu babwo atahandi bari bazeye icizere c’amahoro aramba atari kuri ayo masezerano y’i Arusha”.

Abo bari muri Forum citoyen bakaba barangije basaba abandikiwe urwo rwandiko gukoresha uburyo bwose busahoboka n’ububsha bafise kugira babuze ko amasezerano y’i arusha yofutwa. Mu bandikiwe harimwo nka Donlad Trump, Antonio Guterres, Paul Kagame n’abandi bahagarariye amasezerano y’i Arusha.

Urwo rwandiko rukaba rwasinyweko na Pierre Claver Mbonimpa, umuhuza bikorwa muri uwo “mugwi w’abanyagihugu”. Soma urwo rwandiko rwose ngaha.

Recommended for you