NEWS

Abagwizatunga barasaba kuronswa uburyo buhagije kugira bahiganwe n’ibindi bihugu

By

on

Ivyo bikaba vyavuzwe na Olivier Suguru arongoye ishirahamwe ry’amahinguriro m’Uburundi ‘’AIB’’, hari kur’uyu wa kabiri aho hahimbazwa m’Uburundi umusi mpuzamakungu wahariwe kugwiza amahinguriro muri Afrika.

Olivier Suguru akavuga ko kugira Uburundi buzokwinjire neza mw’ishirahamwe ryo guhanahana ibidadanzwa kur’urugero rwa Afrika bizosaba ko amabanki na Leta y’Uburundi batanga ingurane ninini ku nyungu zitavuna kugira hubakwe izindi nganda z’amahinguriro azovamwo ivyo gushora hanze y’Uburundi.

Umushikiranganji nawe w’Ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi, Jean Marie Niyokindi, akaba nawe yamenyesheje ko Uburundi bumaze kwinjira mu mashirahamwe mpuzamakungu menshi ya Afrika aha akavuga nka EAC, COMESA, UA, CIRGL, CEPGL ubunaho Uburundi bukifuza kwinjira muri SADC na ZLECAF ariryo shirahamwe rizohuza Afrika yose m’uvy’ubudandaji atambibe zihari.

Umushikiranganji Jean Marie Niyokindi akavuga ko Leta y’Uburundi iriko iragira akigoro mukubaka ingomero z’umuyagankuba, amabarabara, kugwiza indege n’amato biza m’Uburundi, hamwe no kwigisha abahinga bazokora mu mahinguriro. Uburundi bukazokwinjira mw’ishirahamwe ZLECAF mu mwaka uza wa 2020 atagihindutse.

 

Recommended for you