NEWS

Abagize Ibibiro Vy’Umuhuza Mu Biganiro Vy’Abarundi Baragendeye Ikambi y’Impunzi Z’Abarundi Ya Nduta Muri Tanzania

on

Ejo ku musi wa mbere itariki 17 Mukakaro mu nkambi ya Nduta, harabaye urugendo rudasnzawe.Urwo rugendo rw’intumwa rwari rurongowe n’ibiro vy’Umuhuza mu biganiro bihuza abarundi, bari kumwe n’abaserukira Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Africa, Abaserukira Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika y’Ubuseruko (EAC), uwuserukira igihugu c’Ubuganda muri EAC hamawe n’abaserukira ibihugu vya Kenya na Tanzania mu Burundi.

Abaserukira Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bakaba barankiwe ku munota wa nyuma ko batitaba iyo nama yabereye mu nkambi ya Nduta irimwo impunzi z’abarundi muri Tanzaniya zahunze kuva muri Ndamukiza 2015, maze baca bategerezwa kuguma i Dar Es Salaam.

Intumbero y’urwo rugendo nkuko izo ntumwa zabimenyesheje, yari iyo kwirabira neza uko izo mpunzi z’Abarundi zibayeho ku musi ku musi, kugira bumvirize ico izo mpunzi zivuga, hamwe no kubabwira ko amakungu akibari inyuma mu kubashigikira.

Ivyo izo mpunzi zashimikirako cane mu kuvuga wari umutekano muke mu makambi, kuko nkuko izo mpunzi zabimenyesheje, nimiburiburi cumi muri izo mpunzi ziramaze kwicwa n’abantu batazwi muri aya amezi atatu arenganye, maze bakaba baciye basaba vyihuta ko bokwimurirwa mu kindi kibanza.

Ibindi basavye vyari ibijanye nuko bokwongeza ibifungurwa basanze bahabwa. « Ni vyiza kandi ko imfungurwa turonswa zokwongerezwa.ivyo turonka ntibikwiye. Dushaka kumenya mu vyukuri ico umuhuza mu biganiro bihuza abarundi ico ariko arakora ?Nuko abo bose banka kwicara kumeza y’ibiganiro hamwe n’abandi bohanwa, kuko nibo batuma tudahunguka », niko izo mpunzi zavuze.

Impunzi usanga zibayeho mu buzima bugoye cane mu makambi y’impunzi

Izo ntumwa zararemesheje izo mpunzi ko zibashigikiye kandi zikaba zaremeye ko zigiye gusaba cane ko umutekano wazo wokwubahirizwa, ugakomezwa.Ku vyerekeye kwimurirwa mu kindi kibanza, ico kibazo cobazwa Tanzamiya, igihugu cabakiriye, kugira kibashire mu kindi kibanza.
Izo ntumwa zikaba zaciye zisaba izo mpunzi kutigera zibuza uwo wese yokwipfuza gutahuka, mbere ko zizoraba neza ko abatariyumvira guhunguka bacungerwa umutekano wabo.

Ku vyerekeye ibiganiro bihuza abarundi, ibiro vy’umuhuza vyamenyesheje ko igikorwa bajejwe na EAC ko bazosubira gutangura ibindi biganiro bihuza abarundi imbere yuko uku kwezi kwindwi kurangira. Izo ntumwa zikaba zarashimitse cane ko izo mpunzi zotekana maze ntizibe inkwezi y’umutekano muke mu gihugu cabakiriye.

Inyuma y’urwo rugendo rw’izo ntumwa, impunzi zimwe zimwe zikaba zavuze ko zitanyuzwe neza n’inyishu zahawe ku vyerekeue ikibazo c’Uburundi. « Izo ntumwa zaratwemeje ko ikibazo c’Uburundi gitegerezwa gutorerwa umuti n’abarundi bo nyene. Iyo nyishu ntiremesha na agato », niko izo mpunzi zavuze.

Nkuko impunzi zimwe zabimenyesheje, urwo rugendo nta kindi rugamije atari ugutuma zihunguka ku nguvu, “kuko bamwe bahisemwo gutaha bahawe umuhango ko bazohabwa imfashanyo yihuta kandi nziza », niko bavuga.

Iri rikaba ari irya mbere intumwa nkizo zigendeye ikambi y’impunzi zabarundi zahunze igihugu kuva muri Ndamukiza 2015. Twobibutsa ko ikambi ya Nduta yahora ibamwo kandi impunzi z’abarundi zari zahunze kuva mu 1993 maze yugarwa mu mwaka wa 2008.Aho hariho nizindi nkambi nka Mtendeli zasubiriye kwakira impunzi z’Abarundi kandi ubu haheze imyaka idashika na cumi izo nkambi zugawe, maze zigaca zisubirayo kwaka indaro kubera ingorane ziri mu Burundi.

Recommended for you