NEWS

Abagirizwa urupfu rwa Rwagasore basabwa gukurikiranwa n’ubutungane.

on

Umugambwe UPRONA usaba ko abo bose boba baragize uruhara mu kugandagura umuganwa akongera yazanye ukwikukira kw’Uburundi, Rudoviko Rwagasore, boshengezwa imbere y’Ubutungane.

Abel Gashatsi atwara UPRONA, Umugambwe wegereye cane ubutegetsi, yamenyesheje ko umugambwe wiwe utazohengeshanya kuguma utera akamo ko abo bose bagize uruhara mw’igandagurwa rya rwagasore bashirwa ku mugaragaro.

Umugambwe UPRONA ukaba kandi umenyesha ko uzokwama wamirira kure ivyo kuvyura imigumuko kugira ngo bashike ku ntumbero zabo za Politike.

Umugambwe UPRONA ukaba ushima intambwe Leta y’Uburundi igezeko muri kino gihe co gutegura amatora ya 2020.

Mwomenya ko leta y’Uburundi iriko iburanisha abagirizwa kwica incungu ya Demokrasi mu Burundi, Ndadaye Melchior, aho bamwe babona ko urubanza rwa Ndadaye rwacerewe cane inyuma y’imyaka 26 kuva mu mwaka 1993.

Rudoviko rwagasore akaba yagandagwe mu ku wa 13 Gitugutu 1961.

Recommended for you