NEWS

Abagendesha amakinga bafata inyuma ku miduga(Dunyuri) bagabishijwe!

on

Ubushikiranganji bw’umutekano bw’Uburundi bwaraye bugabishije abateza amasanganya mu mabarabara na cane cane abashoferi badakwije ivyangombwa hamwe na barya banyonga amakinga bakagenda bafashe inyuma ku miduga minini nk’amakamyo.

Pierre Nkurikiye mw’ijambo yashize ahabona yavuze ko abo bantu bateza amasanganya mu mabarara, ayashitse ku 3000 mu mwaka gusa wa 2018.

Nkurikiye akaba yamenysheje ko ayo masanganya ava ahanini ku kunyonga imodoka wihuta, ugupakira birenze hamwe n’abo banyonga amakinga bafata inyuma ku miduga bita Dunyuri.

Ubushikranganji bumaze kwihweza ivyo biteza ingorane zishika, bwamenyesheje ko bugabishije abo bateza amasanaganya mu mabarabara.

Uwihweza abarya banyonga amakinga bakunze gufata imiduga inyuma bakagenda gushika mu ntara za ruguru barakunze guteza amasanganya akaze.

Ubushikiranganji bw’umutekano bukaba bwamenyesheje ko bugiye guhagurukira abaguma bivobeka uri ivyo bikorwa vyo guteza amasanganya mu mabarabara.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply