NEWS

Abacukura inzahabu babujijwe kuzigurisha ahandi atari mw’Ibanki nkuru y’igihugu

By

on

Ivyo vyavuye mw’itangazo ryasohowe itariki 25 munyonyo n’umushikiranganji w’amasoko ntanga nguvu, amazi, ubutare n’agataka, Côme Manirakiza.  Mur’iryo tangazo arasaba abaguzi b’inzahabu zihejeje gucukurwa kudasubira kuzigura ko zizogurwa zikagurishwa n’ibanki nkuru y’igihugu gusa.

Izo nzahabu zikaba zicukurwa n’amakoperative hamwe n’amashirahamwe yo gucukura ubutare. Ubwo bushikiranganji bugasaba abo bafise ubuguriro bw’inzahabu  ko bazona vyihuta inzahabu ziri m’ububiko bwabo bakazizana kw’Ibanki nkuru y’igihugu. Côme Manirakiza akavuga ko ivyo biraba gusa inzahabu ubundi butare butarimwo ariko ko ukugura no kugurisha ubwo bundi butare bikorwa hakoreshejwe amahera y’amarundi gusa.

Umushikiranganji arasaba izindi nzego ko zokubahiriza iyo ngingo akaba yavuze abajejwe umutekano, abajejwe imipaka, ikigo OBR, abajejwe ikibuga c’indege Melchior Ndadaye, n’ikigo kijejwe ubutare.

 

Recommended for you