NEWS

Ibitaro Kira Hospital nivyo vyabaye ivyambere mu kugira isuku

By

on

 

Ibitaro bigira kabiri n’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge ivyagatatu n’ibitaro vyo mu Kibimba. Ibitaro bishika 78 nivyo vyahahwe urupapuro rwo kuzuza rwerekana aho isuku no kwikingira ingwara bigera kurivyo bitaro. Urwo rupapuro rukaba rutangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi ‘’OMS’’ rifashijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA.

Izo mpapuro zikaba zatanzwe kur’uyu wakane aho basanga ivyo bitaro bitatu arivyo bigira isuku cane gusumba imbindi. Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, muganga Thaddée Ndikumana, akaba yamenyesheje ko ari inama yakabiri agiranye n’abarongoye ibitaro mu mezi atatu kugira umwe wese yerekane aho agejeje mukugira isuku no kwirinda ingwara zivuye kubitaro.

Muganga Thaddée akavuga ko bitumvikana ingene umuntu aja kwivuza ingwara canke akaje kugwaza uwiwe agaca ahakura iyindi ngwara. Muganga Thaddée Ndikumana akaba amenyesha ko yansanze isuku ryariyongereye aravye amanota bamweretse, yaciye asaba abo baganga barongoye abandi kugirisha amanama menshi abo barongoye gushika kumukozi muto ngo kuko isuku arigikorwa ca bose.

Uwuserukira OMS m’Uburundi, muganga Kazadi Mulombo, nawe yasavye abo baganga barongoye abandi kugira isuku cane narirya ikiza Ebola kivugwa muri Congo kumupaka w’Uburundi. Muganga Kazadi Mulombo akavuga ko OMS izobashigikira mu bikoresho vy’isuku no kwikingira badashobora kuronka.

Recommended for you