NEWS

Amasoko y’amazi ariko arakama m’Uburundi

By

on

Ivyo bimenyeshwa n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Deo Guide Rurema, aho hariko harategurwa umusi wo mu ndwi wahariwe gukingira ibidukikije m’Uburundi. Deo Guide Rurema aragabisha ko naho imvura igwa neza amasoko y’amazi yoyo abangamiwe kandi ariko arakama bivuye ku bikorwa vy’abantu.

Deo Guide Rurema avuga ko m’Uburundi hari amasoko y’amazi agera ku 24 200, ibihumi birenga 2 000 mur’ayo masoko akaba yaramaze gukama nayo ayarenga ku 4 000 akaba ari mu nzira yo gukama. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi avuga ko ibituma ayo masoko akama ari ibikorwa vy’abantu biri hafi yayo masoko hamwe n’abatema amashamba kama.

Umushikiranganji Deo Guide Rurema akavuga ko hagiye gushingwa umusi mu ndwi m’Uburundi bwose wahariwe gukingira ibidukikije ariwo umusi wa kane, ngo nayo ibizokorwa mu mezi atatu kur’uyo musi akaba ari guca imikobeko, guca ibiti binwa amazi menshi hafi y’inzuzi, gukingira inkombe z’inzuzi n’ikiyaga Tanganyika hamwe no gusukura igisagara ca Bujumbura.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply