NEWS

Abafungwa 3000 bagiye kurekurwa mu mabohero

By

on

Kur’uyu wa gatanu niho hatanguzwa igikorwa co gufungura abafungwa bagiriwe ikigongwe n’Umukuru w’igihugu mw’ijambo ryiwe ryo kwifuriza umwaka mwiza w’i 2019 abarundi. Hakaba rero hari haheze amezi atatu iyo ngingo itarashirwa mu ngiro. Umushikiranganji w’ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana, niwe yuguruye ico gikorwa ku murwa mukuru wa poritique i Gitega. Abafungwa barenga gato 140 baciye barekurwa kur’uyu mus iwa gatanu.

Umuvugizi w’ubushikiringanji bw’ubutungane akaba yamenyesheje mu kiganiro abavugizi b’inzego z’Uburundi ko abo bafungwa bariko barategurwa neza kugira ntibazosubire gukora amakosa mu kibano kandi ko amadosiye yabo ariko aregeranywa yigwa kugira batore uwurekurwa.

Umushikiranganji w’ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana, nawe  yari yashikirije mu vyatumye ico gikorwa giteba ko hariko harategurwa uburyo bwo gushikana mu mihana yabo aba bafungwa kuko atawobarekurira mw’ibarabara. Aimée Laurentine Kanyana yarasabiye kandi ikigongwe abacamanza bafunzwe bagirizwa ivyaha bitobito.

Mwomenya ko abagirizwa ivyaha bikomeye nk’ubwicanyi no gufata ku nguvu abakenyezi batarimwo muruwo murwi wabarekurwa. Abagirizwa ivyaha vya poritike n’abafunzwe bagirizwa imigumuko yo mu 2015 nabo nyene ntibaramwo mubarekurwa mur’uno mwaka.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply