NEWS

Umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka yaratahukanye agashimwe mu gihugu c’Ubuganda

By

on

Ni kur’uyu wa gatandatu niho umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka batazira ‘’Lanamba’’ yaronswa mu gihugu c’Ubuganda agashimwe k’umuririmvyi yatowe n’abantu benshi mu murwi wa ‘’ Afrika Fans Favorite Fresh Talent’’. Akaba yaciye aronswa akagashimwe kiswe Hi Pipe Awards 2019. Akaba yariko arahiganwa n’ibihangange mu muzika nka Yoyi- Holy water, King Monada, Joyce Blessing, Mankind na Mbosso.

Natacha Ngendabanka akaba yagarutse mu gisagara ca Bujumbura kur’uyu wambere atahukanye aka gashimwe. Uwo muririmvyi akaba yarashimiye abamufashe mu mugongo kugira atahukane iyo tsinzi cane cane abamutoye, abamenyeshamakuru, abaririmvyi b’abarundi, ihoteri Club du Lac Tanganyika hamwe n’umushingantahe wiwe Alfredo Frojo asanzwe amushigikiye cane muri uyo mwuga wiwe.

Natacha Ngendabanka akaba atariko gashimwe kambere atahukanye muri Afrika, akaba yaratahukanye mu mwaka w’i 2014 mu gihugu ca Bénin agashimwe kiswe SICA gashigikira indirimbo z’akaranga. Indirimbo ”Uburundi Bwacu” akaba ariyo yatahukanye ako gashimwe kuko irimwo imico y’abarundi. Natacha Ngendabanka akaba yarashigikiwe n’umuhisi Bruno Sibavimbere batazira Memba n’abamenyeshamakuru mu muzika nka Christian Nsavye n’umufasha wiwe Alfredo Frojo. Uwo nawe akaba yaremeye ko ashobora kwakira mu Burundi ihiganwa ry’abaririmvyi bahiganirwa agashimwe SICA mw’ihoteri yiwe Club du Lac Tanganyika.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.