NEWS

Uburundi bwafashe urugendo rw’ukuja gusubiriza Tanzaniya

By

on

Kuri uwu w’Imana, umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru mu batarenza imyaka 23 wafashe urugendo ruwushikana i Dar Es Salaam, uwo murwi ukaba ugiye gutana mu mitwe na Tanzania mu rukino rugira kabiri arirwo bita urwo gusubiriza ruzoba kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 20 Munyonyo 2018.

Tubibutse ko urukino rubanza, Intamba zatsinze kilimindjalo ya Tanzaniya ibitsindo bibiri ku busa.

Izo nkino ziro mu rukurikirane rwo kurondera ububasha bwuzuye bwo gukina igikombe c’Afrika c’abatarenza imyaka 23.

Muri ico gikombe ninaho hava ububasha bwuzuye bwokuja mu nkino Olympic zizobera i Tokyo

Urutonde rw’abakinyi b’Intamba bafashe indege berekeza muri Tanzaniya ni uru :

1. MUTOMBORA Fabien
2. SELEMANI Mustafa
3. NDORIYOBIJA Eric
4. BIGIRIMANA Ramadhan
5. NDIKUMANA Trésor
6. NDAYISHIMIYE Youssouf
7. MURYANGO Mabano Shabani
8. MUSORE Aaron
9. KANAKIMANA Bienvenue
10. RAMAZANI Pascal
11. BIMENYIMANA Bon- Fils Caleb
12. NSHIMIRIMANA Jospin
13. MAVUGO Cédric
14. MURYANGO Mussa
15. NDAYE Chancel
16. NDIZEYE Sefu
17. MBIRIZI Eric
18. NTIBAHEZWA Dieudonné

Recommended for you