NEWS

Ikiziga catowe mu kigo c’Abapatiri i Muyinga

By

on

Umugabo yahora akora akazi k’ubuzamu ku rugo rumwe ruri mu ntara ya Muyinga yatowe ikiziga kuri uwu wa kabiri, mu bigo vy’igipatiri, ahasanzwe haba Musenyeri mukuru wa Diyoseze ya Muyinga.

Uwo yatowe ikiziga yamenyekanye. Ni umugabo azwi kw’izina rya Pascal NTAHOMPAGAZE, asanzwe avuka muri komine Gasorwe, intara ya Muyinga nyene.

Amakuru ava ahatowe ico kiziga avuga ko icishe uwo mugabo kitaramenyekana, ingingo yafashwe ikaba yaciye iyo kurondera vuba umuryango wiwe kugira ashinguranwe iteka, kuko ikiziga ciwe gisanzwe catowe mu mazi cari catanguye kwononekara.

Recommended for you