SPORTS

2021 Investment: Raba abakinyi 2 bashobora kuzoserukira Uburundi mu murwi w’igihugu w’urwaruka rukiri ruto mu misi iri imbere.

on

Iki ni ikinyamakuru canyu UBM News cayaze kandi n’umugwi wo kwiteza imbere ariwo 2021 Investment Team. Ubuheruka UBM News yaraganiriye nabo ku bijanye naho bagejeje mu mugambi wabo kandi twasanze bahagaze neza.

Ubu naho uwo murwi 2021 Investment Team usigaye ufise icivugo ngo ‘Work hard, stay hungry’ bisobanura ‘kuguma umuntu akora hama akagumana inyota yo gukora’. UBM News yarayaze na 2021 Investment Team maze irababaza aho bagejeje ibikorwa.

Amani ahejeje gutsinda igitsindo

2021 Investement Team yabwiye UBM News ko ubu mbere bafise abakinyi babiri aribo Amani Pacifique na Hussein bashobora kuzocagurwa hama bagakinira umurwi nserukiragihgu w’Uburundi w’urwaruka rukiro ruto ku rwego rw’igihugu.

Soma kandi: Menya ico 2021 Investment ikora mu Burundi.

UBM News yaciye ishima kubaza Amani na Hussein uko biteguriye ayo mabanga mashahsa bashobora kuronka mu mugwi w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu.

UBM News: Mwakiriye gute inkuru nziza yuko muri mu bazocagurwa gukinira umugwi nserukira gihugu w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu?

“Twakiriye neza cane iyo nkurunziza n’akanyamuneza kenshi. Turashima kubona tugiye kuboneka ko harico tumaze, maze biboneke ko tutataye umwanya n’inguvu vyacu mu gukina umupira w’amaguru”.

Amani(i bubamfu) na Hussein(i buryo) bashobora gucagurwa mu bakinira igihugu mu rwaruka rukiri ruto ku rwego rwego rw’igihugu.(T.Shirt designed by Nk. K Art & Design).

UBM News: Mugejeje hehe imyiteguro kugira muzoshobore kuvyifatamwo neza mu murwi w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu nimwashikayo?

“Turahabwa imyimeyerezo ikwiye, maze tugakora cane kugira tuzoshobore gushika kure. Nk’uko icivugo cacu “Work hard, Stay hungry‘ kibivuga, turagumana urutonde rwiza rwo gukora imyimeneyerezo ku giti cacu kugira turabe ko twononosora ahakenewe kuryohorwa”.

UBM News: Muzofadikanya gute amabanga yo gukinira igihugu c’Uburundi hamwe n’ishure?

“Ntitwiteguriye guheba ishure kubera gukina umupira w’amaguru, ariko kandi naho bitazoba vyoroshe kubifadikanya ari bibiri, twosaba ko Management yacu izotube hafi mu kudufasha mu bijanye no gusubirirwamwo ivyigwa tuzoba tutabonye bivanye n’uko tuzoba twagiye mu bundi burere duserukira igihugu c’Uburundi mu nkino”.

Hussein ariko atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru inyuma y’urukino

UBM News: Management yanyu mwumva mwoyibwira iki yoyo yabashikanye ngaha kuri iyi ntambwe? Musaba iki Managament yanyu kugira mubashe kubandanya mutera imbere?

“Turashima cane ku kuntu Management yacu ibandanya idufasha muri vyose dukeneye. Ico dusaba Management yacu 2021 Investment Team ni uko yobandanya kutuba hafi naho tuzoba twamaze kuja mu murwi nserukira gihugu w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu”.

UBM News iriko igira interview na Amani na Hussein.

UBM News: Mwateye intambwe aho mushobora kuzokinira Uburundi muri murwi w’urwaruka rukiri ruto ku rwego rw’igihugu, mubona muzoshika aho mukinira ya migwi mpuzamakungu ya Buraya na za Amerika?

“Turavyizigiye kandi turizeye ko managamenent yacu izobandanya ituba hafi gushika dushitse kuri iyo ntambwe iteye umunezero. Turizeye ko kubona twateye intambwe iyi ya mbere yo guserukira Uburundi ko n’izindi ntambwe tuzozitera”.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.