Haraheze amayinga Atari make bigorana mbere bidashoboka kuronka igitoro co mu bwoko bwa essence mu gisagara ca Bujumbura . Abagendesha imiduga bakirondera bemeza ko baza barushe kuko bamara imisi n’amajoro imbere y’amasitasiyo barindiye ko bokironka. Bagasaba Leta kubabwira ko nyimba yananiwe gutorera umuti w’ico kibazo , bobo bamenye ukwo birwanako .
Amasitasiyo ari kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo yugarijwe n’abashaka ico gitoro ca essence benshi cane kandi biboneka ko bihebuye ndetse banashavuriye Leta kuko biboneka ko isa niyatawe kuwa mazi mugutorera inyishu ico kibazo.
″Burya ndavye amajoro n’imisi maze ngaha ntondeye igitoro hamwe n’incuro nyishi iryo kena ry’igitoro riguma ryisubiriza, nukuri Leta nipfume itubwira basi ko yananiwe kuvy’igitoro maze twirwaneko. Twirwaneko nyene‼ nakare iyo inkware ivunitse ica yiga ingene icumbagira‟ Niko bivurwa n’umwe mu banyonga imodokari zunguruza abantu hagati mu gisagara ca Bujumbura atondeye igitoro kuri sitasiyo iri muri karitiye ya Kigobe.
Mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura nahone abashaka ico gitoro ca essence ni benshi cane ku buryo bamwe mu biyumva ko bafise amagara meza bahitamwo kurara mu masitasiyo kugira barabe ko boshikirwa naho ubu benshi bahisemwo kubika ingendeshwa zabo mu mihana yabo bakagenda ku buzi n’amaguru.
Mu gihe kuri uyu wa mbere ariho igice ca kabiri c’amashure kizotangura, Bamwe mu bavyeyi bo mu gisagara ca Bujumbura bibaza ingene abana babo bazohora bajanwa kw’ishure hamwe igitoro cobandanya kibura ku rugero kiriko ubu. Bagasaba nyabuna Leta guhagurukira ico kibazo nkuko Perezida Ndayishimiye yaheruka kubitangaza ko ikibazo c’igitoro yacishiriye mu minwe we nyene kuko yasanze hari abadandaza bahabwa amafaranga y’agaciro yo kuja kukirangura maze bagaca bayakoresha ivyabo.
Abize ivy’ubutunzi babona ko gutunganya neza urutonde rw’abazana igitoro mu Burundi hamwe no kurabira hamwe ibintu vyo kwinjiza amafaranga y’agaciro ari bimwe mu vyotorera umuti ico kibazo.