Thursday, June 8, 2023
HomeNewsˮUwudandaza ni adandaze, uwukina politike akine politike mugabo ntibabicanganye‟ Bisabwa na OLUCOME.

ˮUwudandaza ni adandaze, uwukina politike akine politike mugabo ntibabicanganye‟ Bisabwa na OLUCOME.

Ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya abarya ibiturire hamwe n-isesagurwa ry-amatungo ya Leta rivuga ko rishima igikorwa co guca ihadabu rya miliyoni zibiri z-amafaranga y-amarundi icegera ca mbere c-umukuru w-inama nkenguzamateka Spès-Caritas Njebarikanuye kubijanye n-urudandazwa rw-isukari ruciye kubiri n-amategeko. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avuga ko umuntu nk-umutegetsi nk-uwo hari imirimo atarabereye kubangikanya.OLUCOME ibona ko leta 'iriko ikwega amaguru' mu kurwanya COVID-19 - UBM  News |United Burundian Media| Amakuru agezweho y'abarundi

ˮ…hari ikibazo gikomeye kica kiza, ni ikibazo c-aba bantu basanzwe bari mu nzego ariko bagaca bakora urudandazwa. Mu bisanzwe, hagomba kuboneka ya principe bita incompatibilité, aho amabanga atabangikanywa. Kubona umuntu ari mwarurya rwego ruhambaye nk-urw-inama nkenguzamateka agaca arangura ibintu vyo muri Leta nyene murumva yuko ibi bintu arivyo guhagarika. Rero tubona yuko abantu bari mu rudandazwa cane cane nk-urya yamaze kugaragara mu bisanzwe hakwirikijwe amategeko n-ubuntu hari gufatwa ingingo zikwiye kugira ngo ivyo bintu vyiyamirizwe gose‟ Niko Gabriel Rufyiri avuga.

Kubwa Gabriel Rufyiri asaba inama nkenguzamateka ko yosohora itangazo kugira igire ivyo ivuze kw-ivyo vyashikiye umukenguzamateka Spès-Caritas Njebarikanuye  hanyuma Leta igasabwa ko abantu bariko barakora urudandazwa kandi bayikoramwo, aha aratanga karorero k-abasirikare hamwe n-abapolisi bo hejuru bama bavuzwe mu rudandazwa rw-inzahabu hamwe n-isima ko nabone bohagurukirwa.

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...