Ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya abarya ibiturire hamwe n-isesagurwa ry-amatungo ya Leta rivuga ko rishima igikorwa co guca ihadabu rya miliyoni zibiri z-amafaranga y-amarundi icegera ca mbere c-umukuru w-inama nkenguzamateka Spès-Caritas Njebarikanuye kubijanye n-urudandazwa rw-isukari ruciye kubiri n-amategeko. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avuga ko umuntu nk-umutegetsi nk-uwo hari imirimo atarabereye kubangikanya.
ˮ…hari ikibazo gikomeye kica kiza, ni ikibazo c-aba bantu basanzwe bari mu nzego ariko bagaca bakora urudandazwa. Mu bisanzwe, hagomba kuboneka ya principe bita incompatibilité, aho amabanga atabangikanywa. Kubona umuntu ari mwarurya rwego ruhambaye nk-urw-inama nkenguzamateka agaca arangura ibintu vyo muri Leta nyene murumva yuko ibi bintu arivyo guhagarika. Rero tubona yuko abantu bari mu rudandazwa cane cane nk-urya yamaze kugaragara mu bisanzwe hakwirikijwe amategeko n-ubuntu hari gufatwa ingingo zikwiye kugira ngo ivyo bintu vyiyamirizwe gose‟ Niko Gabriel Rufyiri avuga.
Kubwa Gabriel Rufyiri asaba inama nkenguzamateka ko yosohora itangazo kugira igire ivyo ivuze kw-ivyo vyashikiye umukenguzamateka Spès-Caritas Njebarikanuye hanyuma Leta igasabwa ko abantu bariko barakora urudandazwa kandi bayikoramwo, aha aratanga karorero k-abasirikare hamwe n-abapolisi bo hejuru bama bavuzwe mu rudandazwa rw-inzahabu hamwe n-isima ko nabone bohagurukirwa.