Umunyapolitike Jean-Bosco Ndayikengurukiye aherutse kuva mu buhungiro mw-iy-indwi turimwo yemeza ko atahutse gukorera politike mu gihugu c-uburundi. Uwo munyepolitike akamenyesha ko kubona yiyumviriye gutahuka mu gihugu inyuma y-imyaka itandatu yaramaze mu buhungiro vyamuvuyeko bitewe n-imvugo ihumuriza y-abategetsi b-uburundi hamwe n-ingene ukuntu umutekano ugenda uriyongera mu gihugu. Jean-Bosco Ndayikengurukiye yabivugiye kuri Radio Bonesha FM.
ˮUno musi rero nkuko mumbajije hamwe n-abo turikumwe mw-ihuriro ry-igihugu ryishinze guharanira demokarasi mu Burundi ANR, Twashimye yuko twoza kwifadikanya n-izindi nguvu za politike mu gihugu kugira duteze imbere igihugu muri politike, muvy-imibano n-ibindi. Rero, uguhunguka , ukugaruka vyatuvuyemwo kuko twavyiyumvisemwo twebwe nyene turavye imvugo ihumuriza y-abategetsi b-igihugu c-uburundi , turavye ingene umutekano ugenda uriyongera , turavye mbere na cane ingene igihugu kiriko kiragaruka mu nzira no kwita mu gifaransa normalisation‟ Niko Jean-Bosco Ndayikungurukiye asigura.
Uwo munyepolitike yigeze kurongora umugambwe KAZE FDD ukiri umuhari urwana arongera akamenyesha ko kubijanye n-umutekano wiwe aremye :ˮ nashitse ejo mbona umutekano uhari ariko ntawomenya ikiri mu mutima w-umuntu , ntawuzi igishobora gushika mu mutima wawe. Umutekano mfise niwo uw-abandi bafise‟