Thursday, June 8, 2023
HomeNewsˮTwari twabahaye igikorwa co gutezimbere ONATEL, Ko vyabananiye ni batahe‟-Perezida Ndayishimiye.

ˮTwari twabahaye igikorwa co gutezimbere ONATEL, Ko vyabananiye ni batahe‟-Perezida Ndayishimiye.

Inyuma yo kwizera  ko bagiye gutunganirizwa mu guhabwa agashahara  hamwe n-ubundi burusho bavuga ko baheraniwe, Umukuru w-igihugu c-uburundi  Varisito Ndayishimiye yaraye akuriye inkoni ku gushitsi abakozi b-ishirahamwe ONATEL ko ivyo guhembwa babikure mu mitwe kuko  bagizemwo uruhara runini kugira ishirahamwe rihombe. Perezida Ndayishimiye yaraye abivugiye kuri uyu wa gatatu mu ntara ya Bujumbura mu nyigisho zo kuzirikana no gukunda igihugu.May be an image of 1 person

Umukuru w-igihugu c-uburundi ati:

ˮIrya syndicat ,baba birirwa mu vyirwa biga ingene ONATEL yogarukana arya mahera abarundi basizeyo. None bayasizemwo ngo aribwe n-abantu badashika n-ibihumbi bitanu  vyonyene?  Twari twabarungitse kuyakamisha none vyarabananiye, bagaca bagira bagira ngo ni syndicat. Syndicat ya hehe ataco imariye abarundi? Ibi vyo guhembwa utakoze  nibabivemwo. None dukure mu kigega amahera yo kubahemba batakoze?  Ntibazoronka na fyiti! Iyo umwana apfuye umuyaya aca ataha. Nimba ONATEL itagishoboye kubahemba ni batahe. Twari twabahaye igikorwa co gutezimbere ONATEL , ko vyabananiye ni batahe‟

Twobibutsa ko n-umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni  yaheruka gukurira inkoni ku gishitsi abo bakozi ba ONATEL basanzwe barenga 400, ko amahera basaba guhembwa hamwe n-ubundi burusho batazobihabwa bitewe ko bagirizwa kugira uruhara rukomeye mu guhomvya iryo shirahamwe rya Leta. Abo bakozi ba ONATEL babicishije kuwurongoye syndicat yabo baheruka kumenyesha ko uruhombo ishirahamwe ryagize rutabavuyeko na gato bitumwe n-uko Leta itigeze ibona ko iryo shirahamwe riri mw-ihiganwa ry-ayandi mashirahamwe y-abikorera ivyabo, hakongerako kandi bamwe mubajejwe ivy-ubuhinga mw-iryo shirahamwe bagenda batwarwa n-ayo yandi mashirahamwe bakabemerera kuzobahemba umushahara wisununuye uruta uyo bahora bahembwa muri ONATEL.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...