Uwahoze ari icegera c-umukuru w-igihu, Frederic BAMVUGINYUMVIRA aranebagura umugambi wa Leta yihaye wo kubomora inyubakwa zose zubatswe hadakwirikije amategeko. Uwo munyepolitike ari mu batavuga rumwe n-ubutegetsi buhari iki gihe, amenyesha ko aravye aho igihugu kigeze muvy-ukuri, n-ingorane abarundi barimwo zivanze n-ubusuma n-ubwicanyi hamwe n-impunzi ziguma ziri hanze y-igihugu, imigambi ya mbere yari kuza imbere y-iyindi ntabwo yari iyo kubomora amazu.
Kubwa BAMVUGINYUMVIRA, abona ko hari ibindi Leta yari gukora mu maguru masha aho kuza kubomora amazu ataco ariko yonona ku gihugu. ˮsi amazu ariko aronona, ahubwo ni abategetsi bariko baronona kubera bariko batera intuntu abanyagihugu‟ Niko BAMVUGINYUMVIRA abandanya avuga.
Tubamenyeshe ko haciye iminsi Leta itegetse ko banyene amazu bubatse bidaciye mu mategeko bokwisamburira izo nyubakwa. Iyo ngingo ikaba iriko itera impari n-imyidogo mu banyagihugu bitewe n-uko bamwe mw-abo bubatse hadakwirikije amategeko babandanya bamenyesha ko mu kugira bubake Leta yarihari ico gihe ariyo yabahaye uruhusha ndetse bakanavuga ko bafise ibipapuro bivyerekana. Ku rundi ruhande, bakabona ko Ubutegetsi bw-umugambwe CNDD-FDD burenganya bakabivuga bahereye ku vyibutso hamwe n-ingoro vy-uwo mugambwe vyubatswe mu bibanza bitari bibereye kwubakwamwo, ko vyovyo bidakorwako mu gusamburwa.