Friday, December 2, 2022
HomeTrendingˮNongere kandi ndabisubiremwo Ntabwo ari jewe ndongoye RED-TABARA‟- Alexis SINDUHIJE.

ˮNongere kandi ndabisubiremwo Ntabwo ari jewe ndongoye RED-TABARA‟- Alexis SINDUHIJE.

Umunye politike Alexis SINDUHIJE akaba n-umukuru w-umugambwe MSD, wahagaritswe gukorera ku butaka bw-uburundi, arahakana yivuye inyuma ko atariwe arongoye umuhari RED-TABARA wiyemeje ko urwanya Leta y-uburundi hakoreshejwe inguvu za gisirikare.  Alexis SINDUHIJE abihakanye inyuma yaho umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi amwagirije  we co kimwe n-abandi ko bari mubarongoye umurwi bise w-iterabwoba umaze imisi ukora ibitero ahatandukanye mu gihugu c-uburundi.Stream IKIGANIRO NA ALEXIS SINDUHIJE by radio umurisho | Listen online for  free on SoundCloud

Ariko abazwa n-umumenyeshamakuru w-iradiyo y-abadagi Deutsh Wellles  kuco avuga ku biheruka gutangazwa n-umushikirizamanza kizigenza wa Republika, Alexis SINDUHIJE yishuye uku:

ˮNamye namye nabivuze reka kandi nongere ndabisubiremwo ntabwo ari jewe ndongoye umuhari RED-TABARA. Ico noshobora kuvuga nuko nshimira cane ukwitanga n-umwete kw-uwo muhari , barwanya ubutegetsi bufitaniye ibibazo vya politike  natwe, ni ukuvuga bafise intumbero zimwe nk-izacu. Indyane za politike ziri mu Burundi zerekeye ku kibazo c-itunganywa ry-amatora, ni ikibazo Amasezerano ya ARUSHA yari yatoreye umuti  mu kuzotunganya amatora meza, yizewe kandi abaye mu muco, ivyo ubutegetsi bw-uburundi butariko bushaka. Twebwe turiko turwanira ko haba uburenganzira bw-amatora  ku barundi bose atari inkinamico y-amatora itunganijwe n-ubutegetsi buhari ubu‟

Uwo munyapolitike asanzwe ari mu buhungiro ntatahura igituma umuhari RED-TABARA ufatwa na Leta y-uburundi  nk-umuhari w-iterabwoba kuko ivyo usaba biratahuritse cane :ˮ Nsinibaza ko umuhari RED-TABARA wokwitwa nk-umuhari w-iterabwoba kuko uwo muhari ufise ivyo usaba vyumvikana cane, urwanira nkuko ubivuga uburenganzira bw-uko haba amatora mu gihugu ninavyo natwe turwanira.Kuvyerekeye ibitero vya gerenade biheruka gukorwa I Bujumbura n-ahandi ko ari twe twabirongoye ni ivyagiriji bidafise shingiro Leta ya CNDD-FDD iriko iguma izana‟ Niko Alexis SINDUHIJE abandanya asigura.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...