Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsˮNimba Ndayishimiye ashaka guhindura ibintu, akwiye kwemera kuba incungu‟-Leonidas Hatungimana.

ˮNimba Ndayishimiye ashaka guhindura ibintu, akwiye kwemera kuba incungu‟-Leonidas Hatungimana.

Inyuma yaho Perezida Varisito Ndayishimiye asubiriye kwizera Albert Maniratunga mu kumugena muyandi mabanga abanje kumwirukana mu buyobozi bukuru bw-ishirahamwe OTRACO azize ivyaha vyo kurya ibiturire hamwe no guhomvya ishirahamwe yararongoye, Abatari bake mu banyepolitike basanzwe bari mubatavuga rumwe n-ubutegetsi bw-uburundi babandanya bagira ico bashikiriza kw-iryo genwa  rya Albert Maniratunga muyandi mabanga.Image

Léonidas Hatungimana, umwe mu bigeze kuba mu bihangange vyo mu mugambwe CNDD-FDD akaba ari ubu mu buhungiro, asigura ko Perezida Ndayishimiye yarakwiye kwemera kuba incungu nyimba ashaka guhindura ibintu mu gihugu.

ˮKuba umukuru w-igihugu bisaba kwemera kuba incungu , wemera gufata ingingo  zimwe zimwe  ubona ko zigoye . Umukuru w-igihugu si uw-ibishobisho aguma agenda mu bantu avuga .Mbere kimwe mu mpanuro no muha , ni agerageze kugumya ururimi kuko uko avuga niko abantu bamuhinyura‟  vyavuzwe na Léonidas Hatungimana kw-iradiyo n-imboneshakure Renaissance.

Uwo yigeze kuba umuvugizi w-umuhisi Perezida Nkurunziza aratanga  nk-inyishu yoza  gufasha Perezida Varisito Ndayishimiye mugufata ingingo maze zikashirwa mu ngiro.

ˮNi afate ahindure abari mu ka karwi bita système , hama ashiremwo abantu  bavuga ukuri koko, badafise ivyo biyagiriza. Nibaza ko n-abarundi bariko barabona  ko kuri we hari agahaze. Kubwanje, izo nguvu ntazo mbona , nico kibazo afise , nico kibazo abarundi dufise‟ Niko Leonidas Hatungimana abandanya asigura.

Kubwa Léonidas Hatungimana ,Asigura nk-akabunyepolitike  ko ata mpinduka yiteze kuko arazi aho Varisito Ndayishimiye agarukiriza mu gufata ingingo yumva ko ishobora kumuhitana.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...