Inyuma yaho Perezida Varisito Ndayishimiye asubiriye kwizera Albert Maniratunga mu kumugena muyandi mabanga abanje kumwirukana mu buyobozi bukuru bw-ishirahamwe OTRACO azize ivyaha vyo kurya ibiturire hamwe no guhomvya ishirahamwe yararongoye, Abatari bake mu banyepolitike basanzwe bari mubatavuga rumwe n-ubutegetsi bw-uburundi babandanya bagira ico bashikiriza kw-iryo genwa rya Albert Maniratunga muyandi mabanga.
Léonidas Hatungimana, umwe mu bigeze kuba mu bihangange vyo mu mugambwe CNDD-FDD akaba ari ubu mu buhungiro, asigura ko Perezida Ndayishimiye yarakwiye kwemera kuba incungu nyimba ashaka guhindura ibintu mu gihugu.
ˮKuba umukuru w-igihugu bisaba kwemera kuba incungu , wemera gufata ingingo zimwe zimwe ubona ko zigoye . Umukuru w-igihugu si uw-ibishobisho aguma agenda mu bantu avuga .Mbere kimwe mu mpanuro no muha , ni agerageze kugumya ururimi kuko uko avuga niko abantu bamuhinyura‟ vyavuzwe na Léonidas Hatungimana kw-iradiyo n-imboneshakure Renaissance.
Uwo yigeze kuba umuvugizi w-umuhisi Perezida Nkurunziza aratanga nk-inyishu yoza gufasha Perezida Varisito Ndayishimiye mugufata ingingo maze zikashirwa mu ngiro.
ˮNi afate ahindure abari mu ka karwi bita système , hama ashiremwo abantu bavuga ukuri koko, badafise ivyo biyagiriza. Nibaza ko n-abarundi bariko barabona ko kuri we hari agahaze. Kubwanje, izo nguvu ntazo mbona , nico kibazo afise , nico kibazo abarundi dufise‟ Niko Leonidas Hatungimana abandanya asigura.
Kubwa Léonidas Hatungimana ,Asigura nk-akabunyepolitike ko ata mpinduka yiteze kuko arazi aho Varisito Ndayishimiye agarukiriza mu gufata ingingo yumva ko ishobora kumuhitana.