Thursday, June 8, 2023
HomeNewsˮNdayishimiye arazi ko imanza zose za ngondagonde zavuye mu bategetsi bo muri...

ˮNdayishimiye arazi ko imanza zose za ngondagonde zavuye mu bategetsi bo muri CNDD-FDD‟-Bob Rugurika.

Inyuma y-amajambo akomeye aheruka gutangazwa n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye imbere y-abagize urwego rw-ubutungane,  Bamwe mu barundi bagizwe n-abanyepolitike , abari mu baharanira agateka ka zina muntu hamwe n-abamenyeshamakuru baramaze kugira ico bashikiriza  kw-ayo majambo yatangajwe na Varisito Ndayishimiye.IWACU English News | The voices of Burundi – Bob Rugurika welcomed as a  hero Amazing Thursday

Bob Ruguruka,asanzwe ari umuyobozi w-iradiyo RPA,amanyesha ko amajambo yashikirijwe na Perezida Varisito Ndayishimiye imbere y-abacamanza ari uruhendo rukomeye. Kubw-uwo mumenyeshamakuru avuga yuko ubutungane butigenga kubera intwaro ihari,bugatuma bukorera mu kwaha kwa Leta.

ˮPerezida Ndayishimiye nk-umukuru w-igihugu yategerezwa kuba azi neza imvo y-ivyo yaraye avuze. Arazi neza yuko ubutungane bw-uburundi butigenga, kandi abifisemwo uruhara. Ndayishimiye arazi intwaro yiwe ko ata bwigenge irigera iha ubucamanza, Ndayishimiye arazi ko hari amategeko ategerezwa guhindurwa, guhindura ubwiwe uhereye kw-ibwirizwashingiro  hamwe n-ayandi mategeko bijanye, Kugira vyukuri ubutungane ntibusubire gukorera mu kwaha kwa Leta , Ndayishimiye arazi ko imanza zose za ngondagonde zavuye mu bategetsi bo mu mugambwe CNDD-FDD na bamwe bamwe muri ka karwi k-abasirikare ba CNDD-FDD‟  biri mu mwihwezo wa Bob Rugurika.

Bob Rugurika arangiza  umwihwezo wiwe amenyesha ko Perezida Ndayishimiye yoreka kwiriza kuko arazi neza ko ariwe afise urufunguruzo nk-umukuru w-igihugu kugira ubutungane bukore neza.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...