Inyuma y-amajambo akomeye aheruka gutangazwa n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye imbere y-abagize urwego rw-ubutungane, Bamwe mu barundi bagizwe n-abanyepolitike , abari mu baharanira agateka ka zina muntu hamwe n-abamenyeshamakuru baramaze kugira ico bashikiriza kw-ayo majambo yatangajwe na Varisito Ndayishimiye.
Bob Ruguruka,asanzwe ari umuyobozi w-iradiyo RPA,amanyesha ko amajambo yashikirijwe na Perezida Varisito Ndayishimiye imbere y-abacamanza ari uruhendo rukomeye. Kubw-uwo mumenyeshamakuru avuga yuko ubutungane butigenga kubera intwaro ihari,bugatuma bukorera mu kwaha kwa Leta.
ˮPerezida Ndayishimiye nk-umukuru w-igihugu yategerezwa kuba azi neza imvo y-ivyo yaraye avuze. Arazi neza yuko ubutungane bw-uburundi butigenga, kandi abifisemwo uruhara. Ndayishimiye arazi intwaro yiwe ko ata bwigenge irigera iha ubucamanza, Ndayishimiye arazi ko hari amategeko ategerezwa guhindurwa, guhindura ubwiwe uhereye kw-ibwirizwashingiro hamwe n-ayandi mategeko bijanye, Kugira vyukuri ubutungane ntibusubire gukorera mu kwaha kwa Leta , Ndayishimiye arazi ko imanza zose za ngondagonde zavuye mu bategetsi bo mu mugambwe CNDD-FDD na bamwe bamwe muri ka karwi k-abasirikare ba CNDD-FDD‟ biri mu mwihwezo wa Bob Rugurika.
Bob Rugurika arangiza umwihwezo wiwe amenyesha ko Perezida Ndayishimiye yoreka kwiriza kuko arazi neza ko ariwe afise urufunguruzo nk-umukuru w-igihugu kugira ubutungane bukore neza.