Umukuru w-igihugu c-uburundi yemereye abarundi ko mu gihe c-amezi atandatu ata mucamanza azoba akirenganya abanyagihugu. Perezida Varisito Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatandatu mu ntara ya Muyinga aho hahimbazwa umusi wahariwe imbonerakure, urwaruka rw-umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
Perezida Ndayishimiye mu majambo yiwe yavuze ati: ˮ Tugiye kuhagurukira ubutungane mu gihugu cacu. Ntituze dusubire dusubire kwumva uwurenganya , uwuca izangondagonde. Uwuca izangondagonde canke akarenganya, abarundi tuzomucira umukenke, tumuharire ivomo. Ikibazo c-ubutungane tugire tugihagurukire.Tugire tugihagurukire gushika naho umucamanza azorenganya ,aho azohonyora hose bavuga bati ng-uyu wawundi yataye ibanga. Ubutungane tugire tubuhagurukire, nahagurutse jewe kandi mpagurutse nsinicara, jewe ndababwije ukuri ndabaye ikiringo c-amezi atandatu, nta mucamanza azoba akirenganya mw-iki gihugu‟
Tubibutse ko ku musi wa kabiri wo mw-iy-indwi turiko tusozera Perezida Ndayishimiye mu nama yagiranye n-abagize urwego rw-ubutungane yerekanye ko atuntuye mu mutima bitewe n-ukuntu urwego rw-ubucamanza rurangwamwo guca imanza za ngondagonde hamwe no kurya ibiturire, bituma yemeza ko uburundi budashobora gutera imbere mu gihe ata butungane buhari.