Thursday, June 8, 2023
HomeUbutunziˮKuba uburundi budafise ikigega c-integabizoza c-ibitoro ni kimwe kiriko gituma habura ibitoro‟-OLUCOME.

ˮKuba uburundi budafise ikigega c-integabizoza c-ibitoro ni kimwe kiriko gituma habura ibitoro‟-OLUCOME.

Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abarya ibiturire n-isesagurwa ry-amatungo ya Leta rimenyesha ko kubona uburundi budafise ikigega c-integabizoza ari kimwe kiriko kiratuma hibonekeza ikena ry-ibitoro. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME aratanga  imvo ziriko zituma haba ikena ry-ibitoro mu gihugu c-uburundi.Grève de la faim contre la mauvaise gouvernance : Gabriel Rufyiri  jusqu'au-boutiste – IWACU

ˮIkena ry-ibitoro riva ku mvo nyishi, imvo yambere bivako nuko uburundi buri kure y-amahabari bugaca buhitamwo kenshi gucisha ibitoro mu mabarabara bije mu ma romorque bigaca bimara igihe kirekire cane kugira ngo bishike mu Burundi. Imvo ya kabiri nuko Leta y-uburundi isaba amatagisi menshi cane abanyagihugu basanzwe bakoresha igitoro. Imvo ya gatatu nuko Leta y-uburundi itashizeho ca kigega c-integabizoza gikinga igihe hamwe ibitoro vyatevye kuza canke vyabuze  citwa stock stratégique‟ Niko Rufyiri avuga.

Gabriel Rufyiri yemeza ko  naho bimeze uko, ko hariho ivyoshobora guhinduka maze iryo bura ry-igitoro rikagabanuka mu gihugu c-uburundi:ˮ Rero tukipfuza yuko hariho ivyo torerwa umuti  nko gushiraho ikigega c-integabizoza comara nk-amezi atandatu , ico kigega kigashobora gufasha mu gihe ibitoro vyakenye , ikindi nuko Leta ishobora gushiraho uburyo bwose  bwotuma abanyamitahe baza gushorera mu gisata c-ibitoro ‟

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...