Thursday, June 8, 2023
HomeTrendingˮIkibazo c-amadorare mu gihugu ni icirwa c-akamenamutwe‟ bivurwa n-umushikiranganji w-ikigega ca Leta.

ˮIkibazo c-amadorare mu gihugu ni icirwa c-akamenamutwe‟ bivurwa n-umushikiranganji w-ikigega ca Leta.

Mu gihe kuri uyu wa kane umushikiranganji w-ikigega ca Leta yari umutumire mu nama nshingamateka, Bamwe mu bashingamateka baramubajije ikibazo kijanye n-ikena ry-amafaranga y-agaciro mu mabanki y-ubudandaji, ariko akaguma aboneka mu masoko yo mu binywabi ,amwe bita marché noir.Le budget 2018 maintient le gel des annales et du recrutement | by Iwacu |  Medium

Umushingamateka Appolinaire Nsindayikengera yasavye umuco k-ubwo bukene bw-ayo mahera:

ˮTurazi ngene igiciro ca Taux de change kimeze c-amadorare, cashinzwe na Leta muga uno musi,ugiye kuyarondera  kuriyo taux ntushobora kuyaronka. Ariko ugiye kurondera amadorare  wipfuza kuri marché noir uyaronka bitagoranye Naho ikibazo c-iwanje gihagaze‟

Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta Domitien Ndihokubwayo nta vyishi yashimye kuvuga kw-ico kibazo kuko ngo ari ikibazo c-akamenamutwe

ˮIvy-amadorare jewe nsinokwirirwa ndagira ico ndabivuzeko kuko ari icirwa c-akamenamutwe , kuko amadorare ntanahamwe tuyimbura, ntanahamwe tuyamura , amadorare azoboneka aruko natwe dushoye umwimbu ushimishije hanze tukayinjiza ‟ Niko Domitien Ndihokubwayo yishuye.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...