Mu gihe umukuru w-igihugu c-uburundi yariko yakira uwuserukira Leta zunzubumwe za Amerika mu Burundi Ambasaderi Melanie Higgins, uwo aserukira Ico gihugu rutura kw-isi yamenyesheje ko igihugu aserukira cofasha cane mu gihe uburundi bwokwemera urucanco rwakozwe kugira rurwanye ikiza ca Covid19.
Mu gusubiza uwo munyacubahiro, Perezida Ndayishimiye yavuze ati :ˮ muri kano kanya, uburundi ntiburiko bwiyumvira cane ivy-urucanco kuko abenegihugu baragendera ingingo zo kwirinda umugera wa coronavirus k-uburyo n-abandura mu gihugu baja baragabanuka‟
Tubamenyeshe ko igihugu c-uburundi kiri mu bihugu bitatu vyo k-umugabane wa Afrika bisigaye vyarase kwinjira mu mugambi wa COVAX,uwo nawo ukaba ujejwe kutanga incanco za covid19 ku bihuguvyo mw-uwo mugabane bisanzwe bikenye . Igiheruka kusaba kwinjira mw-uwo mugambi akaba ari igihugu ca Tanzaniya ico naco cari kimaze imisi carahakanye ko gihabwa urwo rucanco bitumwe n-uko uwahora arongoye ico gihugu umuhisi perezida Magufuli yafata ibisanzwe ivyerekeye umugera wa covid19 mu gihugu ciwe.