Sunday, March 26, 2023
HomeNewsˮIcihutirwa muri kano kanya si ukwiyumvira k-urucanco rwa covid19‟, bivurwa na Ndayishimiye.

ˮIcihutirwa muri kano kanya si ukwiyumvira k-urucanco rwa covid19‟, bivurwa na Ndayishimiye.

Mu gihe umukuru w-igihugu c-uburundi yariko yakira uwuserukira Leta zunzubumwe za Amerika mu Burundi Ambasaderi Melanie Higgins, uwo aserukira Ico gihugu rutura kw-isi yamenyesheje ko igihugu aserukira cofasha cane mu gihe uburundi bwokwemera urucanco rwakozwe kugira rurwanye ikiza ca Covid19.May be an image of 2 people, people standing, people sitting, suit and indoor

Mu gusubiza uwo munyacubahiro, Perezida Ndayishimiye yavuze ati :ˮ muri kano kanya, uburundi ntiburiko bwiyumvira cane ivy-urucanco  kuko abenegihugu baragendera ingingo zo kwirinda  umugera wa coronavirus k-uburyo n-abandura mu gihugu baja baragabanuka‟

Tubamenyeshe ko igihugu c-uburundi kiri mu bihugu bitatu vyo k-umugabane wa Afrika bisigaye  vyarase kwinjira mu mugambi wa COVAX,uwo nawo ukaba ujejwe kutanga incanco za covid19 ku bihuguvyo mw-uwo mugabane bisanzwe bikenye . Igiheruka kusaba kwinjira mw-uwo mugambi akaba ari igihugu ca Tanzaniya ico naco cari kimaze imisi carahakanye ko gihabwa urwo rucanco bitumwe n-uko uwahora arongoye ico gihugu umuhisi perezida Magufuli yafata ibisanzwe ivyerekeye umugera wa covid19 mu gihugu ciwe.

 

Must Read