Mu rugendo aherutse gukora ahubakwa urugomero rw-umuyagankuba ruri ku ruzi Mpanda, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yategetse ko hodomwako urutoke uwagize uruhara mw-iburwa irengero ry-imiriyaridi 54 z-amafaranga y-amarundi. Naho Perezida Ndayishimiye abivuga ukwo, Uwatwara ubushikiranganji bw-amasoko ntanga nguvu igihe urwo rugomero rwubakwa, yari Côme Manirakiza. Uwo mutegetsi akaba atahengeshanya gukeza abariko bararwubaka ndetse n-ibikorwa vyabo nt-agatosi yabibonamwo.
Kubwa Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME, amenyesha ko Côme Manirakiza ubu asanzwe ari umushingamateka yagizemwo uruhara runini mw-iyubakwa ry-urwo rugomero rw-umuyaga nkuba ko ndetse yanahaye igiturire Leta mu kuyigabira imwe mu nzu ziwe zikomeye kugira Leta ntishobore kuzomubaza ku bijanye n-inyuruzwa ry-amafaranga agera imiriyari 54 z-amarundi yaragenewe kwubaka urwo rugomero.
Gabriel Rufyiri ati:ˮ Mwibuke umuntu wa mbere ari mw-iyo dosiye yo kwubaka rurya rugomero ni umuntu yari umushikiranganji yitwa Come Manirakiza ubu asanzwe ari umushingamateka . None uyo muntu muzi neza ko hageze igihe akagabira inzu Leta , baranamushimira ariko twe twarasemereye turavuga duti nyabuna nyabuna ico ni igiturire kiriko kirigendera. Bati tera iyo sema! Turavuga duti ukwo niko ababandi bakora , abasuma bakora uku , ariko ntanumwe yashatse kutwumviriza‟
Uwo arongoye ishirahamwe OLUCOME ababazwa n-uko umugambwe CNDD-FDD abo bitwa abasuma wama urangiza ubashimiye mukubaha ibibanza vy-iteka .