Abarundi bose babwirizwa kubana mu rukundo kuko ata mugambwe umwe canke ubwoko bumwe buzoshika ku mahoro arama. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane na Musenyeri Anatole Rugerinyange mu nkuka y-imisa yo kwibuka urupfu rw-umuhisi Perezida Melchior Ndadaye n-abandi barundi bishwe kuwa 21 gitugutu 1993.
Musenyeri Anatole Rugerinyange, icegera c-umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura ati ivyo abarundi bazobishikako nibemera kuvavanura n-inzigo y-akazikira ibatuma kwihora :
ˮ… Erega iy-itarike turiko twibuka uy-umusi urubeya rw-urukundo rwarazimye mu Burundi. Ni umusi mubi, ni umusi wahekuye uburundi. None turatumiriwe gukora kubishoboka vyose kugira urwo rubeya rw-urukundo ntiruze rusubire kuzima, urubeya rw-urukundo ruzokomezwa n-abarundi bose. Umugambwe umwe ntugishobora kwaka wonyene ahubwo urahava ukazima , ubwoko ubu canke buriya, abahutu ntibashobora kwatsa urubeya bonyene ahubwo barahava bakazimata, urubeya rugahera. Abatutsi ntibashobora kwatsa urubeya ari bonyene bonyene, ahubwo rurahava rukazimata, urubeya rugahera. Abatwa nikwo kw-uko. Abahunze batagarutse ngo bave mu magorwa barimwo, urubeya rw-uburundi rwaka ntiruzoba rushemeye. Urwo rubeya rw-urukundo muri twebwe ruhinduka ikigongwe cinshi, kurekura tugata akanuka inzigo y-akazikira‟